Senateri John McCain yari yatowe muri Reta ya Arizona ejo ku musi w’Imana niho yashingurwa mw’itongo rya gisirikare riri mu gisagara ca Annapolis, muri Reta ya Maryland.Ni inyuma y’imisi itanu yari iheze bamwibuka kandi bamwunamira nk’intwari yakoze ibikomeye kandi yakunze Amerika.
McCain, yahoze ari umudereva w’indege yabaye umunyororo w’intambara muri Vietnam mu kiringo c’imyaka irenga itanu mu myaka y’1960.
McCain yapfuye mu ndwi iheze ahitanwe n’ingwara ya kanseri yo mu bwonko, afise imyaka 81 y’amavuko.
Facebook Forum