Perezida wa Cote d’Ivuware Alassane Ouattara, ku musi wa mbere yatangaje ko agiriye ikigongwe abantu bashika 800, barimwo Simone Gbagbo, umutambukanyi wa Laurent Gbagbo yahoze arongoye ico gihugu, ubu bose bakaba bari mu mvuto.
Ouattara yavuze ko abikoze mu ntumbero yo gusubiza hamwe kw’abonse rimwe.
Mw’ijambo yashikirije kuri televiziyo, Ouattara yavuze ko uwo mukenyezi agiye kuzorekurwa vuba. Uwo mukenyezi wa Gbagbo yahoze ku butegetsi kuva mu mwaka w’2000 gushika muri 2010, yari yaciriwe gufungwa imyaka 20, ku vyaha vyo kubangamira umutekano w’igihugu.
Uwundi ari muri uyo murwi w’abagiriwe ikigongwe ku musi wa mbere n'umukuru w’igihugu, ni uwahoze ari umushikiranganji wo kwivuna abansi, Lida Kouassi, yahoze yegereye cane Laurent Gbagbo, yari yaciriwe gufungwa imyaka 15, uwundi ni uwahoze ari umushikiranganji ajejwe ivyo kwubaka, Assoa Adou, yari yaciriwe gufungwa imyaka ine kuva mu mwaka w’2017.
Mwibuke ko Laurent Gbagbo amaze imyaka indwi apfungiwe muri sentare mpuzamakungu y’i Lahaye mu Buholande kuvyaha vy’ubwicanyi bwabaye mu bihe vy’amatora muri 2010.
Facebook Forum