Uko wahagera

Jeune Afrique: Mushikiwabo Yoba Arondera Kuzorongora Ishirahamwe OIF


Umushikiranganji w'u Rwanda ajejwe imigenderanire n'ayandi makungu, Louise Mushikiwabo
Umushikiranganji w'u Rwanda ajejwe imigenderanire n'ayandi makungu, Louise Mushikiwabo

Umushikiranganji w’u Rwanda ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu, Louise Mushikiwabo, yoba ari mu nzira yo kwitoza mu kibanza c’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu rihurikiyemwo ibihugu bivuga urufimi rw’igifaransa (OIF), amatora ategekanijwe mu kwezi kwa cumi aho ashobora kuzohiganirwa ico kibanza n'Umupfasoni Michaëlle Jean, umunya-Canada asanzwe arirongoye.

Amakuru ava mu bushikiringanji bw’imigenderanire n’ayandi makungu bw’u rwanda, avuga ko Louise Mushikiwabo azoshikiriza izina ryiwe mu nama igira 17 y’iryo shirahamwe izobera mu gisagara ca Erevan mu gihugu ca Armeniya, ku magenekerezo yo 11 na 12 z’ukwezi kwa cumi, nkuko amakuru ikimenyeshamakuru Jeune Afrique kivuga ko cakuye i Paris no mu bindi bihugu bibiri vya Afrika biri muri uyo muryango.

Ico kimenyeshamakuru Jeune Afrique kivuga ko Ubufaransa bwoba bufise uruhara muri ivyo kandi ko bushigikiye Kandidatire y’uwo mushikiranganji Mushikiwabo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG