Uko wahagera

RFI: Ubumwe bw'Afrika na ONU Barasokoye Itangazo bari Basohoye ku Burundi


Mkapa
Mkapa

Radiyo y’Abafaransa RFI yashikirije ejo ku musi wa kane ko uwahoze ari perezida wa Tanzaniya Benjamin Mkapa, akaba n’umuhuza mu matati y’Abarundi, yategekanya gutumako ibindi biganiro kuva kw’igenekerezo ya 25 z’ukwezi kwa kane i Entebbe, muri Uganda.

Ni mu ntumbero yo kuraba ko hari amasezerano yoshikwako imbere yuko amatora ya kamarampaka agamije guhinyanyura zimwe mu ngingo z’ibwirizwa shingiro ategekanijwe kw’itariki ya 17 z’ukwezi kwa gatanu kuza aba mu Burundi.

Kuri uyu wa mbere, komisiyo y’umuryango w’ubumwe bw’Afrika hamwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU barasohoye itangazo rivuga ko reta y’Uburundi idatera intambwe muri ivyo biganiro.

Radiyo RFI ivuga ko Ubumwe bw’Afrika na ONU baciye basokora iryo tangazo inyuma gato bamaze kurisohora ku rubuga rwa Internet.

Muri iryo tangazo, RFI yavuze ko ayo mashirahamwe yasaba reta ya Pierre Nkurunziza kwisubirako ikareka kuguma aho ishingiye, ikitaba ibiganiro bigamije kurokora amasezerano y’amahoro yasinyiwe i Arusha mu mwaka w’2000.

Icatumye iryo tangazo rica rikurwa ku rubuga rwa internet rw’umuryango w’ubumwe bw’Afrika ku muhingamo wo ku musi wa mbere ntikiramenyekana kandi radiyo RFI y’Abafaransa ivuga ko umudipolomate w’uwo muryango yavuze ko ata tangazo ryari ritegekanijwe gusohorwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG