Imigambwe itavuga rumwe na Reta y’Uburundi yiyamirije, uno musi ku wa gatanu, ugutegeka abanyagihugu kwiyandikisha aku nguvu imbere ya referandumu kw’ihinyanyurwa ry’ibirizwa shingiro.
Imigambwe itavuga rumwe na Reta imenyesha kw’igipolisi n’urwaruka rw’Imbonerakure bariko bategeka abanyagihugu kwiyandikisha ku nguvu imbere y’amatora kw’ibwirizwa shingiro ategekanijwe mu kwezi kwa gatanu.
Tatien Sibomana, umwe mu banyepolitike batavuga rumwe na Reta, bari ku rushi bahisemwo kudahunga igihugu, avuga kw’ibiriko biraba atawovyemera. Avuga ko kwiyandikisha ari uburenganzira bw’uwariwe wese, uburenganzira uwariwe wese ashobora guhitamwo kubukoresha canke ntabukoreshe.
Urunani rw’imigambwe itavuga rumwe na Reta, abarugize bahunze igihugu, CNARED, na bo nyene bariyamirije gutegeka abanyagihugu kwiyandikisha ku nguvu kugira batore.
Umuvugizi w’urunani, CNARED, Pancrace Cimpaye, yagirije abategetsi ba Reta y’Uburundi ko bariko bagerageza gutegeka abanyagihugu gutora ku nguvu kubera ata gishika cinshi bafitiye ayo matora.
Imigambwe itavuga rumwe na Reta irarwanya ihindurwa ry’ibwirizwa shingiro, kubera ivuga ko bishobora kwica amasezerano y’amahoro y’i Arusha yo mu mwaka w’i 2000, yarangije ingwano mu Burundi.
Ivyabona mu bisagara bitari bike vy’Uburundi babwiye itororkanirizo ry’amakuru ry’abafransa, AFP, ko abategetsi b’Uburundi bariko bakoresha uburyo butandukanye. Icegera ca prezida w’Uburundi, Gaston Sindimwo, yemeye ko zimwe mu mbonerakure zishobora kuba zarengeje urugero. Amenyesha ko yamara muri Reta bariko batanga impamnvu z’ukwiyandikisha kugira abantu batore muri referandumu yimirije kuba mu gihugu.
Facebook Forum