Uko wahagera

SAF: Ibiganiro Ngirakamaro Hagati ya Zuma na Ramaphosa

Umukuru wa ANC, Cyril Ramaphosa, (Iburyo), na Jacob Zuma yasubiriye (Ibubamfu), mu birori bibuka imyaka 106 ANC umaze kuva ushinzwe, East London, Afrika y'Epfo, Ukwezi kwa mbere, Itariki 13, 2018
Umukuru wa ANC, Cyril Ramaphosa, (Iburyo), na Jacob Zuma yasubiriye (Ibubamfu), mu birori bibuka imyaka 106 ANC umaze kuva ushinzwe, East London, Afrika y'Epfo, Ukwezi kwa mbere, Itariki 13, 2018

Umugambwe ANC, uri ku butegetsi muri Afrika y’Epfo, wari wategekanije kur’uyu wa gatatu kwiga ku kibazo c’uko Jacob Zuma yotanga imihoho, wunguruje inama yawo idasanzwe ku rindi sango.

Ivyo vyabaye inyuma y’ibiganiro vyabaye ku mugoroba wo kur’uyu wa kabiri, bivugwa ko vyabaye ngirakamaro hagati ya Zuma na Cyril Ramaphosa anugwangugwa kuba ariwe yomusubirira.

Umugambwe ANC, usanzwe utumvikana ku cokorerwa Jacob Zuma, woba wari gusaba kur’uyu wa gatatu Perezida gutanga imihoho.

Ariko iyo nama yungururijwe ku magenekerezo ya 17 na 18 z’uku kwezi kwa kabiri, inyuma y’ibiganiro vyahuje abategetsi babiri, nkuko vyashikirijwe na ANC ariko ivyavuye mur’ivyo biganiro ntivyamenyeshejwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG