Uko wahagera

Uganda: Imyaka y'Amavuko Ntikiri Ikibazo kuri Kandida Perezida


Perezida Yoweri Museveni, n'umutambukanyi wiwe Janet Museveni.
Perezida Yoweri Museveni, n'umutambukanyi wiwe Janet Museveni.

Amakuru ava mu butegetsi bwa Uganda avuga ko Perezida Yoweli Museveni aza yaremeje itegeko rikuraho imyaka y’amavuko umukuru w’igihugu atorenza kugira yemererwe kwitoza kandi.

Umuvugizi wa perezida, Don Wanyama yatangaje kur’uyu wa kabiri ko Museveni yemeje iryo tegeko kw’italiki ya 27 z’ukwezi kwa cumi na kabiri.

Ivyo bica bimuha uburenganzira bwo gushobora kwongera kwitoza kurongora igihugu mu mwaka wa 2021, ndetse n’iyindi ncuro izokurikira inyuma y’aho mu gihe yovyipfuza.

Inama nshingamateka ya Uganda igizwe ahanini n’abari mu mugambwe uri ku butegetsi yari yemeje iyo nteguro y’itegeko ihinyanyura ibwirizwa nshingiro kw’italiki ya 20 z’ukwezi kwa cumi na kabiri.

Kizza Besigye atavuga rumwe n’ubutegetsi yabwiye itororokanirizo ry’amakuru ryAbafaransa AFP, ko ata gitangaje kirimwo kandi ko Museveni ari we ari hejuru y’izo mpinduka, kandi ari nawe vyungukira.

Ikindi kiri mur’iyo mpinyanyuro n'uko abashingamateka ba Uganda bongewe imyaka ibiri ku myaka itanu bahora batorerwa. Ikiringo cabo kigiye ku myaka indwi, bisigura ko ayandi matora y’abashingamateka azoca aba mu mwaka wa 2023.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG