Uko wahagera

USA-Burundi: Nyamitwe Avuga kw’Umutekano Wifashe Neza.


Alain Nyamitwe, umushikiranganji w'Uburundi ajejwe imigenderanire n'ugufashanya n'amakungu.
Alain Nyamitwe, umushikiranganji w'Uburundi ajejwe imigenderanire n'ugufashanya n'amakungu.

Umushikiranganji w’Uburundi ajejwe imigenderanire hamwe n’ugufashanya n’amakungu, Alain Aime Nyamitwe, yatangaje kw’umutekano mu gihugu wifashe neza.

Nyamitwe yatanze uwo muco inyuma y’itangazo rya Peresidansi ya Amerika, rivuga kw’umutekano muke urangwa m'Uburundi ushobora guhungabanya umutekano mu ntara. Nyamitwe asigura kw’ata muntu n’umwe, harimwo n'Abanyamerika, ashobora kwumva adatekaniwe mu gihugu.

Yavuze kw’iyo ngingo ikwiye guhinduka kandi reta y’Uburundi igiye kubandanya irondera ukuntu ivyo vyashoboka ibicishije mu migenderanire hagati y'ibihugu byombi.

Mu kiganiro yagiranye n'umumenyeshamakuru w'Ijwi rya Amerika Frederic Nkundikije, umushikiranganji Nyamitwe avuga kw’ingingo nk’iyo ishobora kuba yavuye ku makuru atariyo yerekeye Uburundi yama ariko arakwiragizwa.

please wait

No media source currently available

0:00 0:08:03 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG