Uko wahagera

Weah na Boakai mu Gice ca Kabiri c'Amatora muri Liberiya


George Weah yahoze ari umukinyi rurangiranwa mu mupira w'amaguru ariko aratora.
George Weah yahoze ari umukinyi rurangiranwa mu mupira w'amaguru ariko aratora.

Muri Liberiya, Senateri George Weah, yahoze ari umukinyi rurangiranwa mu mupira w’amaguru hamwe n’icegera c’umukuru w’igihugu Joseph Boakai nibo bagiye kuzohiganwa mu gice ca kabiri mu matora ategekanijwe mu kwezi kwa cumi na kumwe kuza. Ivyo bitangazwa n’umurwi ujejwe gutunganya amatora mur’ico gihugu.

Mu majwi amaze guharurwa mu biro birenga 95 kw’ijana, George Weah afise amajwi 39%, imbere ya Joseph Boakai afise amajwi 29,1%, nta n’umwe mur’abo bakandida ashikana amajwi 50 kw’ijana asabwa kugira atsinde mu gice ca mbere.

Uwuzotsinda mu kiringo kigira kabiri, azosubirira Perezida Ellen Johnson Sirleaf, aza akwije imyaka 12 ku butegetsi mu biringo bibiri yemerewe n’amategeko.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG