Uko wahagera

HRW Iranebagura Intsinzi ya Perezida Kagame


Abanywanyi ba Prezida Paul Kagame mu ntara ya Nyanza, mu Rwanda, mu gihe c'imyiyamamazo.
Abanywanyi ba Prezida Paul Kagame mu ntara ya Nyanza, mu Rwanda, mu gihe c'imyiyamamazo.

Inyuma y’aho Perezida Paul Kagame w’u Rwanda atahukaniye intsinzi mu matora y’Umukuru w’Igihugu yabaye itariki zine z’uku kwezi kw’umunani, Ishirahamwe ry’abaharanira agateka ka zina muntu, Human Rights Watch ryasohoye urutonde ku vyerekeye ihohoterwa ryabaye ku bijanye no gushikiriza ivyiyumviro, kuja hamwe co kimwe n’amakoraniro vyaranze ikiringo kiri hagati y’amatora yabaye yo guhindura ibwirizwa shingiro, m’ukwezi kwa cumi na kabiri m'umwaka w'ibihumbi bibiri na cumi na gatanu, n’amatora y’umukuru w’Igihugu aheruka.

Ivyo vyatangajwe n’umuyobozi w’iryo shirahamwe, mu karere ka Afrika yo hagati, Ida Sawyer, aho yavuze ko intsinzi ya Prezida Kagame idatangaje mu gihe abanyagihugu bubahutse kutavuga rumwe n’ubutegetsi bamwe batawe mu mvuto, abandi bakanyuruzwa canke bakicwa. Sawyer avuga kandi ko ibinyamakuru vyigenga vyacecekeshejwe, n’imirwi y’abaharanira agateka ka zina muntu yakozweko iterabwoba, bigatuma idashobora gushikiriza ivyiyumviro vyayo.

Ishirahamwe Human Rights Watch rivuga ko inyuma y’amatora, ryavuganye na bamwe mu banyagihugu co kimwe n’abaharanira agateka ka zina muntu, bavuga ko ayo matora yaranzwe n’utunenge hamwe n’iterabwoba.

Ivyo vyaratangajwe kandi na Departema ya leta y'Amerika, itariki zitanu z’uku kwezi kw’umunana. Bukeye bw’aho, Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya rikaba ryaciye risohora itangazo rivuga ko amatora yaranzwe n’umutekano, yamara ko mu matora akurikira hokorwa akigoro ko kureka abipfuza kwitoza bakitoza, kandi hakabamwo umuco n’ibindi nk’ibijanye no gutunganya intonde z’abatora hamwe no guharura ivyavuye mu matora.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG