Uko wahagera

RDC/Burundi: Uruja n'Uruza rw'Ibigwanisho


Abarwanyi b'aba Mai-Mai
Abarwanyi b'aba Mai-Mai

Icegeranyo c’abahinga b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ku kuntu ibintu vyifashe muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo, cashikirijwe kw’itariki 17 y’ukwezi kw’umunani akanama ka ONU kajejwe amahoro n’umutekano kw’isi, cerekana isano hagati y’uruhagarara rumaze imyaka ibiri mu Burundi n’ikibazo c’umutekano mu buseruko bwa Kongo.

Abahinga b’ishirahamwe ONU bavuga kw’ikiyaya ca Rusizi n’inkengera z’ikiyaga Tanganyika bibandanya kuba ibibanza imirwi yitwaje ibirwanisho ikoreramwo, kandi hari ihanahana ry’ibirwanisho.

Mu gihe ico cegeranyo ca ONU gishimikira ku kuntu umutekano wifashe muri Kongo, abatunganije ico cegeranyo baradoma urutoki kandi imirwi yitwaje ibirwanisho ikorera mur' ico gihugu, hamwe rw’ibirwanisho biva mu bihugu bibanyi vya Kongo.

Ico cegeranyo gitanga akarorero ku rubibe hagati ya Kongo n’Uburundi; igihugu kimaze ikiringo kirenga imyaka ibiri mu ruhagarara.

Umurwi w’abahinga ba ONU wasanze hari imirwi itatu irwanya ubutegetsi mu Burundi iri mu ntara ya Kivu yo mu bumanuko ikorana n’iimirwi y’abarwanyi bo muri Kongo nk’aba Mai-Mai n’iyindi mirwi yo mur' ako karere.

Abo bahinga batangaza kw’iyo mirwi ar' iya FNL-Nzabampema, Red-Tabara na Forebu. Bamenyesha kw’iyo mirwi ikorera mu ntara ya Kivu yo mu bumanuko, aho ikorana n’imirwi y’aba Mai-Mai bo muri Kongo.

Urubibe hagati ya Kongo n’Uburundi ntirukingiwe neza. Abahinga ba ONU bavuga kw'ibigwanisho bihanahanwa hagati y'ivyo bihugu. Abo bahinga batangaza kw’ivyo birwanisho biva mu Burundi bicishijwe kw’ibarabara rihuza Bujumbura na Uvira, bigatahira mu minwe y’aba Mai-Mai. Bavuga kw’ivyo birwanisho birungikwa n’abasirikare b’Uburundi.

Abahinga ba ONU batangaza ko basavye amakuru Reta y’Uburundi yerekeye urwo ruja n'uruza rw’ibirwanisho. Yamara ko gushika ubu ntirishura.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG