Muri Somaliya, abarwanyi cumi n'incenda bahitanywe n’intambara zabereye m’uburengero bw’intara ya Bakool, kur’uyu wa gatatu. Izo ntambara zabaye hagati y’abarwanyi ba al-Shabab hamwe n’abayoboke b’uwahoze arongoye uwo muhari, Mukhtar Robow.
Abategetsi bamenyesha ko iyo ntambara yatangujwe n’abarwanyi b’umuhari al-Shabab bakoze igitero ku bayoboke ba Robow, mu gitondo co kur’uyu wa gatatu, babategeka kuva mu ntara ya Abal, abandi bakaba bahavuye baja kubihora mu masaha ya sasita.
Mohamed Hassan Fiqi, arongoye vy’agateganyo akarere ko m’ubumunuko bushira uburengero, yatangaje ko bashoboye kwigizayo abarwanyi b’umuhari al-Shabab. Fiqi yabwiye Ijwi rya Amerika ko izo ntambara zahitanye abatari bake.
Robow, yahoze arongoye al-Shabab, yashizwe k’urutonde rw’abiyahuzi kuva m’ukwezi kwa gatandatu, inyuma y’aho ahakaniye kwakira amafaranga yashikirijwe na Amerika hamwe na Reta ya Somaliya, kuva m'umwaka w'ibihumbi bibiri na cumi na kabiri, angana n’imiliyoni zitanu z’amadolari.
Facebook Forum