M’Uburusiya, imyiyamamazo yo kwiyamiriza Prezida Vladimir Putine yabaye mu bisagara bishika kuri mirongo itatu na bibiri, kur’uyu wa gatandatu. Ivyo ni mu gihe ubutegetsi bwari bwatangaje ko iyo myiyerekano itemewe n’amategeko.
Imyiyerekano yabereye I moscou, k’umugwa mukuru w’Uburusiya, yitabiwe n’abantu amajana, bagiye bagana ku biro vya Reta, aho baciye bashikiriza urwandiko Prezida Putine, bamusaba kutitoza mu kiringo kigira kane, mu matora ategekanijwe kuba m’umwaka uza w’ibihumbi bibiri na cumi n'umunani.
Mu gisagara ca Saint-Petersbourg, igipolisi cafashe bamwe mubari mur’iyo myiyerekano, ikurikiwe n’iyabaye mu kwezi kwa gatatu, yari yahuje abantu isinzi. Abashika ku gihumbi bakaba baratawe mu mvuto mur’ico gihe, harimwo n’umukuru w’umugambwe utavuga rumwe n’ubutegetsi, Alexei Navalny.
Imbere y’uko iyo myiyerekano itangura kur’uyu wa gatandatu, igipolisi cari casatse imwe mu nyubakwa z’abatavuga rumwe n’ubutegetsi, k’umunsi wa gatanu. Umwe mu batavuga rumwe n’ubutegetsi, Maria Galitskaya yabwiye Ijwi rya Amerika ko iryo sakwa ryari rifise intumbero ya politike. Yamara avuga ko ata kintu kibangamye basanze mur’iyo nyubakwa.
Facebook Forum