Uko wahagera

Ikibazo c'Uburundi Kizosuzumwa n'Abakuru ba EAC


Kuri uyu wa kabiri niho harangira Inama y’abashikiranganji bajejwe akarere k’Afrika y’ubuseruko yarimaze iminsi 2 ibera I Arusha muri Tanzaniya. Ibibazo vyerekeye umutekano muke mu Burundi hamwe n’impunzi zibandanya guhungira muri Tanzaniya babishize kurutonde rw’inama y’abakuru b’ibihugu izoba mumpeza z’uku kwezi kwa 4 kugira abariyo ibifatira ingingo

Ikindi kibazo cavuzwe n’icerekeye umubano hamwe n’urudandazwa hagati y’Uburundi n’u Rwanda. Abo bashikiranganji bavuga ko gisubiza inyuma iterambere ry’umuryango. Kubona ata bidandazwa bigihanahanwa hagati y’ivyo bihugu 2, umushikiranganji Leontine Nzeyimana, ajejwe iyinjira ry’Uburundi mu karere k’Afrika y’ubuseruko avuga ko ari ibisanzwe.

Uburundi nico gihugu kitaratanga nacumi muntererano yaco muruyu mwaka w’amafranga umuryango w’Afrika y’ubuseruko ukoresha. Umushikiranganji Leontine Nzeyimana ataranga insiguro, akongera akemeza ko ico gihugu kigiye kuyatanga vuba. Ni mugihe hasigaye amezi 2 gusa kugira ikiringo gihere.

Muri iyo nama, umushikiranganji w’imigenderanire wa Tanzaniya yasozereye amabanga yiwe yo kuba umukuru w’inama nshikiranganji y’akarere k’Afrika y’ubuseruko. Kuva ubwo ubutegetsi bwagiye muminwe y’igihugu c’Ubuganda.

Umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika i Arusha muri Tanzaniya ni we yakurikiranye ino nkuru.

please wait

No media source currently available

0:00 0:03:55 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG