Uko wahagera

Ese Magufuli Wa Tanzaniya Yaba Atwaza Agahotoro?


Perezida John Magufuli wa Tanzania
Perezida John Magufuli wa Tanzania

Reta y’igihugu ca Tanzaniya yategetse irekurwa uno musi ku wa mbere ry’umucuraranzi w’umuziki wa rap azwi cane, Emmanuel Elibariki, yari yapfunzwe kubera amajambo yo mu ndirimbo yavurwa ko atuka Reta.

Reta ya Tanzaniya imenyesha ko perezida John Pombe Magufuki akunda umuziki wiwe, yamara kw’amuhanura gushira mu muziki wiwe amajambo avuga kubakoresha amayeri kugira ntibatange amatagisi n’abakoresha ibiyayura umutwe.

Elibariki azwi kw’izina rya Nay wa Mitego, yahagaritswe ku musi w’Imana bivuye ku ndirimbo yiwe yagirijwe ko ituka umukuru w'igihugu.

Yamara uno musi ku wa mbere, igipolisi catangaje ko Elibariki yarejuwe bitegetswe na Reta.

Umukuru w’igipolisi ku murwa mukuru wa Tanzaniya, Dar-es-Salaam, Simon Sirro yabwiye ikinyamakuru, Mwananchi, ko Elibariki yarekuwe atanze ingwati.

Uwo mucururanzi yarashimiye abantu bose bamushigikiye, inyuma yuko arekuwe.

Elibariki azwi kuba akoresha amajambo anebagura abanyepolitike mu ndirimbo ziwe.

Abanebagura perezida Magufuli bavuga kw’ariko arerekana ibimenyetso vy’umutegetsi atwaza agahotoro.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG