Abo bayoboke b'Icegera ca kabiri c'inteko ishinga amategeko Agathon Rwasa icenda bafashwe harimwo Mperabasi Yohani w’imyaka 73. Uwo ni indongozi ku rwego rw’amakomine ane. Ayo ni Nyarusange, Gishubi, Makebuko na Itaba, yose yo mu ntara ya Gitega.
Iyindi ndongozi mu bayoboke ba Rwasa yafashwe ni Simbajije Siliveri wo muri komine Nyarusange, n’umwigisha kw’ishure shingiro rya Nkondo muri komine Nyarusange.
Feredinando Misigaro arongoye abayoboke ba Rwasa ku rwego rw’intara ya Gitega, yabwiye Ijwi ry’Amerika ko ifatwa ry’abo banywanyi ba Rwasa ari agatotezo basanzwe bagirirwa.
Umushingantahe Misigaro asaba abajejwe intwaro gutwarira bose ata nkunzi, naho ubutungane agasaba gutumbereza amatohoza ataho ahengamiye, abera bakezwa abagiriwe bagahanwa.
Ferdinando Nkurikiye, Musitanteri wa komine Nyarusange aremeza ko hariho abafashwe akamenyesha ko bafashwe ku mvo z’amatohoza y’urupfu rw’uwitwa Bukobero Yakobo yishwe atewe gerenade muhira iwe ku mutumba wa Gasenyi ka Nyarusange.
Umunyamakuru w'Ijwi ry'Amerika Fidele d'Antoine Nsabimana ni yo nkuru atugezaho.
Facebook Forum