Uko wahagera

Perezida Buhari wa Nijeriya Yasubiye Kumirimo


Perezida w’igihugu ca Nigeria, Muhammadu Buhari, yasubiye ku kazi kur'uyu wa mbere inyuma y'amezi abiri yar'amaze mu Bwongereza kwivuza. Ibiro vyiwe vyatangaje ko yabandanije amabanga ajejwe uno musi ku wa mbere inyuma y’akaruhuko yari yafashe.

Perezida Buhari afise imyaka 74 muri iki gihe, yaganutse mu gihugu ciwe ku musi wa gatanu w’indwi irangiye. Hisunzwe ibwirizwa shingiro, yasubiye ku kazi kiwe inyuma yuko arungikiye urwete inama nshingamateka y’igihugu. Naho atangaza ko yumva ameze neza muri iki gihe, bivurwako agikeneye kuruhuka n’ukubandanya kwivuza mu ndwi ziri imbere indwara itatangajwe.

Icegera ca perezida Buhari, Yemi Osinbajo, yatangaje ko yabonanye na perezida Buhari, mu kiringo c’isaha uno musi ku wa mbere, kugira amucire ku mayange ku kugene igihugu cifashe. Osinbajo yari yahawe icese ububasha bw’ukuba perezida vy’agateganyo igihe perezida Buhari atari ahari.

Perezida Buhari afise akazi gakomeye k’ugusubira kunagura ubutunzi bw’igihugu bwifashe nabi muri iki gihe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG