Sentare y’Igihugu, hano muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika yumvirije kur’uyu wa kabiri ibirego ku bijanye n’itegeko rya Prezida Donald Trump, ribuza vy’agateganyo impunzi zituruka mu bihugu bishika kur’indwi, kwinjira k’ubutaka bwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika.
Mu nama y’abaserukira intara, baturuka mu gihugu cose, Prezida Donald Trump wa Amerika yasabwe gusigura ku bijanye n’iryo tegeko, mu nzira y’ubutungane. Prezida Trump yishuye avuga ko ar’ivya nkenerwa ko Igihugu kigira umutekano. Yagarutse k’uburyo Umuhari wa Reta ya Kisilamu wagabishije ko abanywanyi bawo bazonyengetera muri Amerika, bakinjira no mu bindi bihugu baciye mu bimukira.
John Kerry, co kimwe na Madeleine Albright, bompi bahoze ar’abashikiranganji bajejwe imigenderanire ya Amerika n’ayandi makungu, bavuga ko iryo tegeko ryatunganijwe nabi, rigasigurwa nabi kandi rigashirwa mu ngiro ukutariko.
Ubushikiranganji bw’ubutungane bwasohoye urwandiko ruvuga ko itegeko ryo kubuza abanyamahanga kwinjira muri Amerika, no kubuza abimukira kwinjira, ataho riciye kubiri n’amategeko. Urwo rwandiko rwagiriza kandi umucamanza yahagaritse iryo tegeko, mu kuvuga ko yarenze akarimbi m’ukurihagarika.