Uko wahagera

Abarenga 90 Bagwaye Cholera Mu Burundi


Isuku rike n’ubukene bw’amazi n’ivyo bintu nyamukuru vyatumye ingwara ya Cholera yaduka mu Burundi
Isuku rike n’ubukene bw’amazi n’ivyo bintu nyamukuru vyatumye ingwara ya Cholera yaduka mu Burundi

Abagwayi ba cholera barenga 90 nibo bamaze kwakirwa ku bitaro vyo mu kabezi mu ntara ya Bujumbura kuva mu mpera z’ukwezi kw’indwi uno mwaka.

Isuku rike n’ubukene bw’amazi n’ivyo bintu nyamukuru vyatumye iyo ngwara yaduka mur’ako karere k’ubuvuzi ka Kabezi. Vyemezwa na muganga arongoye ako karere.

Ico kiza ca Cholera catanguye kwibonekeza mu karere k’ubuvuzi ka Kabezi kuva kw’igenekerezo rya 27 ukwezi kw’indwi uno mwaka nkuko vyemezwa na muganga Arcade Hatungimana arongoye ako karere.

Kiretse umwe yitavye Imana mu ntango kuko yaranarwaye malaria, abakirwa bagwaye Cholera barakira n’aho baguma biyongera nk’uko bivugwa n’uwo muganga.

Muganga Hatungimana asigura ko isuku rike, ubukene bw’amazi n’bukene bw’utuzu twa surwumwe, ni bimwe mu bitera cholera.

Bamwe mu bakize iyo ngwara ya cholera, barashima ko bavuwe bagakira, bagasaba kuronswa amazi meza.

Musitanteri wa komine Kabezi Umuphasoni Renilde Ndayishimiye co kimwe n’abo mu gisata c’amagara y’abantu bavuga ko batareze amaboko. Bafashijwe n’ishirahamwe ry’abaganga b’abasuissi batagira imbibe bamenyesha ko ibitari bike biriko birarangurwa kugira bagabanye umurindi ico kiza kiriko.

Uwujejwe kumenyesha amakuru muri MSF Suisse yabwiye Ijwi ry’Amerika ko muri karitiye Ruziba ya komine Muha, hagiye kugururwa vuba ikigo co kwakira abagwayi ba cholera.

N’inyuma y’aho bigaragariye ko ico kiza ca Cholera catandukiye amakaritiye amw’amwe nka Ruziba na Kajiji yo muri zone kanyosha ya komine Muha yo mu gisagara ca Bujumbura, ihana urubibe na komine kabezi yo mu ntara ya Bujumbura.

XS
SM
MD
LG