Mu gihe inkino mpuzamakungu za Olempike zibandanya mu gisagara ca Rio de Janeiro, mu gihugu Brezil, umunonotsi w’umurundikazi, Diane Nukuri, ariko yitegurira ihiganwa ry’ukwiruka imetero ibihumbi cumi, ku musi wa gatanu.
Mu mahiganwa mpuzamakungu ya Olempike y’imbere yaho, yahiganywe muri marathon, ni ukuvuga ibilometero 42.
Yaganiye n’ijwi rya Amerika asigura icatumye ahitamwo kwiruka imetero ibihumbi cumi mu nkino z’uyu mwaka: