Ikoraniro kaminuza ry’umugambwe w’Abademokrate rirabandanya mu gisagara ca Philadelphia.
Mu vyaranze umunsi wa gatatu w’ikoraniro kaminuza, Convention, y’Abademokarate, harimo amajambo y’abarongoye umugambwe bakomeye nka Visi-Perezida Joe Biden, Senateri Tim Kaine, yiyamamariza kuba visi-perezida wa Hillary Clinton, na Perezida Barack Obama.
Joe Biden yavuze ijambo ryiwe n’inkomezi nyinshi agerageza kumvikanisha ukuntu azi neza Hillary Clinton, barakoranye muri Sena no muri reta, avuga ukuntu Hillary Clinton ari umuntu yama yitaho abandi, umuntu abandanya guteza imbere igihugu, igihugu kizokomeza kuba akarorero rw’isi yose mu kinjana ca 21 turimwo.”
Ijambo rya Perezida Obama ni ryo ryari ririndiriwe cane.
Yabanje kwibutsa ivyo yakoze: ubwishingizi mu buvuzi bwari bumaze imyaka ijana bwarananiranye, kuzamura ubutunzi yasanze bwarasubiye inyuma, gukura Ben Laden ku isi, n’ibindi birimo kunagura imigenderanire na Cuba, yari imaze imyaka irenga 50 yarahagaze.
Perezida Obama yasobanuye ico kuba umukuru w’igihugu bivuze, birimwo kuba umugaba mukuru w’ingabo. Ati: “Hillary Clinton yarabibonye, yabiboneye hafi hafi, azi ivyo ari vyo, arabishoboye, naho Donald Trump ntazi ibipfa n’ibikira, ntaco yomarira igihugu.”
Obama yarangije agira, ati: “Nimba mushaka umuntu azoharanira inyungu zanyu koko, muzotore Hillary Clinton. Dufatanije, nimumufashe nk’uko mwamfashije, dukomeze hamwe urugendo rw’ivyizigiro, ruzira uburyarya bwa bamwe.”
Hillary Clinton arashikiriza ijambo ryiwe kuri uyu wa kane, umunsi wa nyuma w’ikoraniro kaminuza, atangaza ku mugaragaro ko yemeye ubutumwa bwo kuba umukandida w’Abademokarate.