Inyuma y’aho Donald Trump agenewe n’umugambwe w’aba republika nk’umukandida azohiganirwa ikibanza c’umukuru w’igihugu, Senateri Ted Cruz yatangaje ko atazigera aha ijwi ryiwe Donald Trump.
Senateri Ted Cruz aragaragaza ko atashimishijwe n’igenwa rya Donald Trump nk’umukandida mu guhiganirwa ikibanza c’umukuru w’igihugu.
Mugihe yariko avugana n’intumwa zamuka muri reta yiwe ya Texas kur’uyu wa kane bari mw’ikoraniro kaminuza ry’uwo mugambwe ririko ribera mu gisagara ca Cleveland yamenyesheje ko atazoha ijwi ryiwe Hillary Clinton, ariko kandi ntiyatomoye ko azoriha Trump basangiye umugambwe.
Cruz n’umwe mu bakandinda b’aba republika bariko bahiganirwa ico kibanza mu matora y’ibanze, amahiganwa yaranzwemwo guterana amajambo hagati y’abo uko ari babiri, aho mbere Trump yiwe Cruz ko ar’umubeshi.