Uko wahagera

Amerika: Abarepublika Buguruye Ikoraniro Ry'Umugambwe


Mu mpera z’iyi ndwi, umugambwe w’Abarepublika, uzogena icese, Donald Trump, nk’umukandida azowuserukira mu matora y’umukuru w’igihugu, azoba mu kwezi kw’icumi na rimwe, muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Uno musi ku wa mbere, n’umusi wa mbere w’ukwugurura ibikorwa vy’ikoraniro rikuru ry’umugambwe w’Abarapublika, mu gisagara ca Cleveland, muri Reta ya Ohio. Umusi wa mbere w’iryo koraniro ushimikiye ku mutekano w’igihugu n’ikibazo c’abimukira muri Amerika.

Mu bashikirije amajambo harimwo, Rick Perry yahoze ari bulamatari wa Reta ya Texas, umuvyeyi w’umunyamerika yishwe mu gisagara ca Benghazi, mu gihugu ca Libiya, abantu batari bake bashigikiye umugambi wo guhindura amategeko agenga abimkira, Rudy Giuliani yahoze ar'umukuru w' igisagara ca New York, hamwe n’umupfasoni wa Donald Trump, Melania.

Mu kiganiro yatangiye mu kiganiro ca television ya CBS, citwa “60 Minutes” co ku musi wa mungu mw'ijoro, Trump yavuze kw' Amerika ikeneye umutegetsi yerekana inguvu za politike. Yavuze ko perezida Obama hamwe n’umukandida Hillary Clinton, ata nguvu za poltike bafise.

Trump yavuze kandi kw’arico gituma Abanyamerika, bakeneye umuyobozi azogarukana amategeko n’umutekano.

XS
SM
MD
LG