Uko wahagera

Euro 2016: Ubufaransa Bwirukanye Abarusiya 29


Intango y’imikino y’umupira w’amaguru ku mugabane w'Ubulaya yaranzwemwo imigumuko. Kur’uyu wagatandatu, abantu bagera kuri 35 bakomeretse inyuma y’urukino gwahuje iguhugu c’Ubufaransa n’Ubwongereza, mu kibuga ca Velodrome, mu gisagara ca Marseille.

Iyo migumuko yatanguye abanywanyi b’umugwi w’Uburusiya batera Abongereza bituma abantu batangura guhunga baca irya n’ino.

Inyuma y’iyo migumuko, igipolisi c’Ubufaransa kimaze kwirukana Abarusiya bashika kuri 29.

Dmitry Peskov, umuvugizi wa Perezidansi y’Uburusiya Kremlin yiyamirije iyo migumuko mu guhamagarira abarorerezi b’Uburusiya guhagarika iyo ngendo.

Ishirahamwe rijejwe umupira w’amaguru mu bihugu vya Buraya UEFA, ryaciriye umugwi w’Uburusiya, ihadabu ry’amafaranga agera ku bihumbi ijana na mirongo itandatu n’umunani vy’amadolari ($168,000). Yongeye rivuga ko uwo mugwi ushobora gukugwa mu mahiganwa, ari hamwe abanywanyi bawo babandanije kwingeza gutyo.

Imigumuko nk’iyo yarabaye kandi mur’uku kwezi, mu bisagara vya Nice na Lille, aho abanywanyi b’imigwi bagwana inyuma y’inkino, abantu bagakomereka.

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu Bufaransa, Bernard Cazeneuve, yasavye ko hafatwa ingingo zijanye no kudandariza inzoga mu bibanza vyicaramwo abarorerezi. Ubufaransa bwatanze itegeko ryuko ata nzoga zisubira kudandarizwa mu bibanza vyicayemwo abarorerezi, ku minsi y’inkino, canke buca izo nkino ziba, hamwe n’ibindi bibanza mwen’ivyo.

Ubwongereza bwemeye kurungika abajejwe umutekano mu Bufaransa, gucungera urukino ruzoba hagati yabwo na Pays de Galles, mu gisagara ca Lens, kur’uyu wa kane.

XS
SM
MD
LG