Uko wahagera

Burundi: Abagirizwa Kudeta Muri Gasamburamanza


Abashingwamanza baburanira bamwe mu bagirizwa gushaka guhirika ubutegetsi bamenyesha ko bagiye kunguruza urubanza muri gasamburamanza inyuma yaho urubanza rusomewe kuruyu wa mbere.

Nayo abunganira abari basavye indishi z'akababaro bavuga ko bakiranye umunezero ingingo ya sentare.

Abunganira bamwe mubagirizwa icaha bamenyesha ko bakiranye umubabaro mwinshi ingingo ya sentare ntahinyuzwa y’Uburundi ,igisata c’iyungururizo.

Maître Fabien Segatwa, umwe muribo afise uwo yunganira yari yejejwe n’umucamanza wa mbere ariko acirwa uwo guherayo n’umucamanza wa kabiri. Asigura ko ivy’akozwe ataho vyabonetse kuko abacamanza uko ari babiri bose baciye urubanza bisunze ivyazanywe n’umushikirizamanza bitigeze bihinduka ariko bagatanga igihano gihushanye rwose.

Ahumubabaro w’bashingwamanza w’abaciriwe ibihano ugera niho hagera umunezero wa bagenzi babo bari basavye indishi z’akababaro kuko sentare yabahaye ukuri mu gihe umucamanza wa mbere yari yabahebuje.

Mu rubanza rw’abagirizwa gushaka guhirika ubutegetsi nta sura n’imwe yigeze iruzamwo naho bene kwagirizwa bagumye bazitaka. Hari ababona ko kabaye akarenganyo.

Ariko ku ruhande rw’babagiriza s’uko babona ibintu.

Mw’iyungururizo umushikirizamanza wa Républika yari yasavye ahanini ko hemezwa isano riri hagati y’abashatse guhirika ubutegetsi n’abateguye imyiyerekano y’ukwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Perezida Nkurunziza hamwe n’ukuronsa indishi z’akababaro abazisavye.

Ibi vyose umucamanza wa mbere yari yabihebuje ku mushikirizamanza asigura ko ata vyemezo bikwiye abifitiye.

Turetse aba aba bantu 28 hari n’abandi batari bake baronderwa n’ubutungane bw’Uburundi bagirizwa ko bafadikanije n’abashatse guhirika ubutegetsi.

Muribo harimwo Général Godefroid Niyombare yari yemeje ko ubutegetsi bwa Pierre Nkurunziza bwakombowe kw’itariki ya 13 ukwezi kwa gatanu umwaka uheze imbere y’uguhunga be na bagenziwe bananiwe.

XS
SM
MD
LG