Musenyeri Gervais Banshimiyubusa, arinawe arongoye inama y’abiiskopi mu Burundi, yarahaye ikiganiro Iradio Ijwi rya amerika, akaba yarishuye ku bibazo bitari bike, birimwo ako kamo abasenyeri bateye abanyapolitike bo mu Burundi.
Mur’ico kiganiro aragararuka ku ntwaro rusangi, ku mutekano muke urangwa mu Burundi, ku kibazo c’ibiganiro bihuza abarundi hamwe no ku kibazo c’impunzi z’abarundi bagorewe mu bihugu bibanyi vy’Uburundi, batsemwo ubuhungiro.