Uko wahagera

ONU: Kwirinda Gusubiranishamo Abaturage mu Burundi


Umunyamabanga mukuru w’Ishirahamwe mpuzamakungu ONU Ban Ki-moon aragabisha amakungu ko Uburundi bushobora kwinjira mu ntambara.Ivyo yabimenyesheje ejo kuwa gatatu kucicaro ca ONU I New York.

Ban Ki-moom asaba ko haba ukwihanganirana ku mpande zishamiranye kandi hagatangura ibiganiro mu ntumbero yo guhagarika intureka za Politike.

Amenyesha kandi ko Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rishobora kwongereza abakozi baryo n’ibindi bikorwa birenze kuvyo ryahora rikora mu Burundi bivanye n’uko ibintu bibandanya bimera mu Burundi.

Ban Ki moon ati: “Ndababajwe n’ubwicanyi buba mu Burundi. Ati ivyo twabonye mu misi iheze birateye ubwoba. Igihugu kiriko kija mu ntambara ishobora guhungabanya akarere kose Uburundi burimwo”.

Umunyamabanga mukuru wa ONU amenyesha ko aheruka gusaba umuhanuzi wiwe adasanzwe Jamal Benomar kuja mur’ako karere imbere yuko iyi ndwi irangira kuvugana n’ubumwe bwa Afrika, Ibihugu vyo mu karere na reta y’Uburundi idasigaye inyuma.

Aheraheza avuga ko ibiganiro vya politike bihurikiyemwo bose bikwiye kuba vuba bwango. Yongeyeho ati, ONU ibwirizwa gukora ibishoboka vyose ntihabe ubwicanyi bw’ikivunga kandi hakwiye gufatwa ingingo zose zishoboka

XS
SM
MD
LG