Uko wahagera

Burundi: Intumbero Nshasha y'ubwicanyi bwo mu Bunywero


Abapolisi bari mu kibanza catereweko grenade
Abapolisi bari mu kibanza catereweko grenade

Mu cegeranyo cashikirijwe n’abajejwe umutekano mu Burundi, abantu barenga 250 baramaze kwicwa kuva aho hatanguriye uruhagarara rwa politike.

Igipolisi c’Uburundi kivuga kw’abapolisi 34 bamaze kwicwa, mu gihe abarenga 200 bamaze gukomereka. Igipolisi gitangaza ko ibigwanisho hamwe n’inkoho zimaze gufatwa bishika 614.

Yamara mur’izi ndwi ziheze, ubwicanyi busa n’ubwafashe iyindi ntumbero, aho usanga busigaye bukorwa ku bantu bari mu bunywero bariko barikura inyota:

Ubunywero buterwa kandi si ubwo muri za karitsiye za Bujumbura canke mu micungararo yayo gusa, no mu ntara zo mu gihugu hagati, ibitero nk’ivyo bisigaye bihabera. Aha twovuga igitero ca grenade cakozwe I Rwibaga ku murwa mukuru wa komine Mugongomanga, ku musi wa kabiri iariki imwe y’ukwezi kwa cumi na kabiri.

Mbega ivyo bitero bikorwa ku bunywero bitegurwa na bande? Bifise intumbero iyihe? Abamaze gufatwa babisigura gute? Mbega hari ikintu abajejwe umutekano bariko barakora kugira ngo bakingire abarundi, cane cane abakunda guteramira mu bunywero?

please wait

No media source currently available

0:00 0:53:22 0:00

XS
SM
MD
LG