Uko wahagera

Ibibazo vy'Impunzi z'Abarundi mu makambi muri Tanzaniya


Impunzi z'Abarundi zikoraniye ku nkengera z'ikiyaga Tanganyika mu gice ca Kagunga mu ntara ya Kigoma, mu burengero bw'igihugu ca Tanzaniya
Impunzi z'Abarundi zikoraniye ku nkengera z'ikiyaga Tanganyika mu gice ca Kagunga mu ntara ya Kigoma, mu burengero bw'igihugu ca Tanzaniya

Ishirahamwe rijejwe gutabara, OXFAM, rimenyesha kw’impunzi ibihumbi mirongo irindwi zivuye mu Burundi zinjiye mu gihugu ca Tanzaniya, kubera ubwoba ku bwicanyi bufatiye kuri politike mu Burundi. Amashirahamwe vy’abagira neza ariko arondera infashanyo mu gihe indwara n’ubwinshi bw’abantu biriko bigira ingaruka ku mpunzi.

Benshi mu bantu bashasha bashika muri Tanzaniya n’abapfasoni n’abana.

Nyinshi mu mpunzi zinjiye muri Tanzaniya mu ndwi zitatu zirangiye zungururijwe mw’ikambi ya Nyarugusu.

Ubwinshi bw’izo mpunzi biriko bigeramira amashirahamwe y’abagira neza.

Aimee Brown, ajejwe guhanahana amakuru mw’ishirahamwe OXFAM, avuga ko abantu bari mw’ikambi ya Nyarugusu barengeye abo iyo kambi ishobora kwakira, amashirahamwe ajejwe gutabara akaba ariko agerageza kuronka ibikoresho bihagije kugira yishure ku bikenewe n’abantu bashasha bashika.

Amenyesha kw’ibikenewe cane vyihutirwa ari uburaro, n’amazi meza.

Ikibazo c’amagara n’ikindi kibazo gikomeye. Ishirahamwe HCR, ryamenyesheje kw’abantu ibihumbi bitatu bamaze kwandura cholera, mu gihe abantu amajana ane bandura iyo ndwara ku musi.

XS
SM
MD
LG