Ubukene bw'Igitoro mu Burundi Bwatanguye Kugira Ingaruka

Amapikipiki atonze arindiriye kunwesha igitoro

Mu Burundi haraheze amezi hafi atatu hibonekeza ubukene bw’igitoro.Mu ntara zimwe zimwe hejuru y'ibiciro vy'ibindi bintu vya nkenerwa haravugwa n'abagwayi bapfa kubera za ruseha abaniha zitagikora.

Umushikiranganji w'ubutare n'agataka n'amasoko ntanganguvu ajejwe ivyerekeye igitoro avuga ko ahanini iri kena riterwa n'uko Reta yanse kuduza igiciro caco kandi kw'isoko mpuzamakungu caraduze bigatuma abacuruza bakwega amaguru mukucinjiza mu gihugu.

Ubu bukene bw'igitoro co mu bwoko bwa essence bumaze amezi atatu yose bwibonekeza. Intara ya Rumonge mu bumanuko bushira uburengero isanzwe ikorwamwo urucuruzwa cane kubera iri ku nkengera y’ikiyaga Tanganyika n’imigwa mikuru ya politike Gitega na Bujumbura ni ho hibonekeza kurusha ubu bukene.

Ariko no mu zindi ntara haravugwa ubukene bwa essence nk’uko amasoko y’Ijwi ry’Amerika mu Kirundo na Ngozi mu buraruko bw’igihugu abivuga hatibagiwe mu ntara ya Muyinga mu buraruko bushira ubuseruko.

Mu Kirundo na Muyinga, amwe mu masoko y'Ijwi ry'Amerika akora ku bitaro bitandukanye atashimye ko umwidondoro wayo uja ahabona yatubwiye ko muri izi ndwi zibiri ziheze hari abagwayi bashengeye bitewe n’iri kena ry’igitoro.

“ Kubera za ruseha abaniha ata bitoro zigira, akenhsi abana n’abakenyezi bibungenze barakunda kwitaba Imana bitewe n’uko bataronka uburyo bwo gushika ku bitaro bikuru vy’intara. Birababaje ivyo tubona”.

Inkuru y'Umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Eloge Willy Kaneza

Your browser doesn’t support HTML5

Burundi: Bamwe mu Barwayi Ntibaronka Ingene Bashika kwa Muganga