Burundi: Igice Kinini ca Zone Gatumba Carengewe n'Imyuzure y'Amazi

Igice kinini ca zone Gatumba, iri muri komine Mutimbuzi, intara ya Bujumbura mu burengero bw'Uburundi hamwe na komine Gihanga muri Bubanza bihana urubibe carengewe n'imyuzure y'amazi.

Abaharurwa mu bihumbi bitatu birenga ni bo bamaze guta izabo bahunga imyuzura y’amazi y’uruzi Rusizi rugabura Uburundi na Kongo hamwe n’ikiyaga Tanganyika. Abatunzwe n’uburovyi muri ico kiyaga n’abirimizi bose bemeza ko ubuzima busa n’ubwahagaze.

Umushikiranganji ajejwe intwaro yo hagati mu gihugu kuri uyu wa mbere yagendeye zone za Gatumba na Rukaramu ziri mu ntara ya Bujumbura mu burengero ahakubiswe kurusha ahandi, avuga ko utu duce Reta ishobora kutwimuramwo abantu burundu ahamagarira abayifasha kuyifata mu mugongo. Ariko bamwe mu banyagihugu nka Eliane Minani w’imyaka 49 bifuza ko iyi ngingo yoba irabangiriweko.

Mu kwezi kwa kane uyu mwaka, abantu bagera kuri 1500 ni bo bateshejwe izabo n’amazi ya Tanganyika mu ntara za Bujumbura, Rumonge mu bumanuko bushira uburengero nk’uko vyemezwa n’igisata c’igihugu kijejwe gukinga ibiza n’isibe.

Abantu bababa ibihumbi nabo 28 bari mu miryango ibihumbi 6 birenga ni bo bari bateshejwe izabo n’amazi y’uruzi Rusizi yarenze inkombe mu mwaka ushize asendanisha atwara amazu n’imirima. Abagera kuri 6766 barimuwe kuko uturere babamwo twari tugeramiwe kurusha utundi.