Burundi: Abagize Reta Basaba ko Nkurunziza Asubirizwa Bidatevye

Reta y’Uburundi yashikirije urwandiko sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro ruyimenyesha ko kuva italike 8 z’uku kwezi ikibanza c’umukuru w’igihugu ata mutegetsi ari muri co.

Inama nshikiranganji yakoranye mu bihe bidasanzwe uyu munsi ni yo yabishitseko. Reta isaba iyi sentare gusubiriza mu maguru masha umukuru w’igihugu hishunzwe ibwirizwa nshingiro.

Ni inyuma y'aho Perezida Petero Nkurunziza aguye mu bitaro ahitanywe n'ingwara y'umutima nk'uko Reta ibivuga. Mu kiganiro na Frederic Nkundikije, icegera ca mbere c'umukuru w'igihugu Gaston Sindimwo aravuga icahapfundikiwe n'ibigiye kurangurwa mu minsi ya vuba.

Your browser doesn’t support HTML5

Burundi: Abagize Reta Basaba ko Perezida Nkurunziza Asubirizwa Bidatevye