Donald Trump Asaba ko Ivyaha vya Magendu mu Bucuruzi Vyamwagiriye Bihanagurwa

Donald Trump aheruka gutsindira amatora ya prezida wa Amerika asaba ko ivyaha vya magendu mu bucuruzi vyamwagiriye, n’ihadabu yategetswe kuriha bihanagurwa.

Ababuranira Donald Trump asigaje iminsi mike ngo agaruke ku butegetsi bwa Amerika, ubusabe bwabo babucishije mw’ikete barungikiye umushikirizamanza mukuru wa Reta ya New York, Letitia James.

Muri iryo kete, basiguye ko basaba ko ivyaha vyagiriye Trump bifutwa, ihadabu rikibagirana ku neza y’igihugu. Iryo kete rigiri riti: “ Tubandikiye tubasaba guhagarika burundu uru rubanza, no guhanagura burundu ivyaha vyose vyegekwa kuri Prezida Donald Trump, umuryango wiwe n’inganda ziwe muri ino dosiye.”

Abamuburanira babandanije gusigura ko kwibagira burundu ivy’urubanza rwiwe vyuzuzanya n’ico bise akamo ka Trump k’ubumwe muri bose bagira bati: “ Akimara gutahukana intsinzi mu matora, Prezida Donald Trump yarasavye ko amatati ataho ashingiye hagati y’abitana ba mwana mu gihugu ahagarara, abatatanye bakagana inzira y’ubumwe. Akamo kiwe, kari mu murongo w’urubanza yaciriwe.”

Abamuburanira bavuga ko ari nka hamwe umushikirizamanza mukuru wa Reta ya New York, Letitia James yokwihoza ubusabe bwabo, biteguriye guca berekana ko “ Urubanza rwaciriwe Trump ruhonyanga ibwirizwa nshingiro, kuko ku bwabo ruzomubangamira mu mabanga mashasha agiye kuzezeshwa nka prezida wa Amerika.”

Umushikirizamanza mukuru wa Reta ya New York, Letitia James, ni we yashingishije urubanza Trump, n’abahungu biwe babiri bagirijwemwo amanyanga mu vy’ubucuruzi.

Mu kwezi kwa kabiri uno mwaka, ubutungane bwakubise intahe mu gahanga Trump, bumutegeka kuriha ihadabu y’imiriyoni 464 mu madorari ya Amerika, abahungu biwe Eric Trump na Don Jr. nabo umwe wese ategekwa kuriha imiriyoni zine z’amadorari ya Amerika.