Umuvugizi w’Umurwi wa Hezbollah Yaguye mu Gitero Isirayeri Yagavye muri Libani

Mohammed Afif

Umuvugizi w’umurwi wa Hezbollah yaguye mu gitero Isirayeri yagavye muri Libani. Umwe mu bategetsi ba Hezbollah yatanze ano makuru ntashime ko amazina yiwe atangazwa, yavuze ko Mohammed Afif yiciwe hagati mu gisagara c’umurwa mukuru wa Libani I Beyerute.

Mohammed Afif yatanguye kuja ahabona cane mu kwezi kw’icenda, inyuma y’igandagurwa rya Hassan Nasrallah yahoze atwara Hezbollah.

Umumenyeshamakuru w’itororokanirizo ry’amakuru y’abanyamerika, AP, yashitse mu kibanza Mohammed Afif yagandaguriwemwo yavuze ko yahasanze ibiziga vy’abandi bantu bane, n’abandi bane bakomeretse.

Inyuma y’ico gitero, abanyagihugu babonetse mu mabarabara y’umurwa mukuru wa Libani bahunga. Ntaco Isirayeri iratangaza ku vy’igitero cahitanye Mohammed Afif avugira Hezbollah.

Mu gihe ibitero vy’ingabo za Isirayeri muri Libani biriko bitera vyegereza uburaruko bw’ico gihugu, Isirayeri yasavye abanyagihugu baba mu bisagara birenga cumi biherereye mu buseruko bwa Libani gukinjura.

Hagati aho, ubushikiranganji bw’amagara y’abantu muri Libani buvuga ko abamaze guhitanwa n’ibitero Isirayeri ibandnaya kugaba ku butaka bw’ico gihugu aho iri mu ruhigi rw’abarwanyi ba Hezbollah barenze ibihumbi 34, abataye izabo bakaba barenga umuriyoni umwe n’ibihumbi 200. Ibitigiri vy’abarwnaynyi ba Hezbpllah bamaze kuhasiga agatwe ntibizwi.

Ku ruhande rwa Isirayeri, ibitero vya Hezbollah bimaze guhitana abagera kuri 76, barimwo abasirikare 31. Abataye izabo ni ibihumbi 60 (AP)