Mozambike: Igisirikare n'Igipolisi Vyahanganye n'Abatavuga Rumwe n'Ubutegetsi Biyerekanye

Igipolisi n’igisirikare ca Mozambike vyamijaguye ivyuka bikoroza amosozi mu batavuga rumwe n’ubutegetsi, vyongera bibarungikamwo imbwa mu ntumbero yo kuburizamwo imyiyerekano bakoze biyamiriza ivyavuye mu matora aheruka kuba muri ico gihugu.

Abiyerekanye baharurwa mu bihumbi n’ibihumbi. Baturiye amapine y’imiduga n’ibindi bicafu, bazibira amabarabara bongera batera amabuye abapolisi n’abasirikare bariko bababuza kwiyerekana.

Umwe mu bapafsoni biyerekanye yabwiye itororokanirizo ry’amakuru y’abafaransa, AFP, ko ivyabereye mu myiyerekano vyari biteye ubwoba agira ati: «Twajugumira, tukiruka ducanacanako, ariko ni ngombwa ko dukora iyi myiyerekano. Dukeneye impinduka. »Amasoko, amabanki, amashure arimwo na za kaminuza vyiriwe vyugaye.

Venancio Mondlane, atwara abatavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Mozambike akaba ari nawe yatumyeko imyiyerekano ibandanya kubera mu gihugu cose, yabwiye AFP ko igihugu kiri mu bihe bigoye, avuga ariko ko abona ko kiriko cerekeza mu co yise “kwibohora” kuzogishikana ku mateka mashasha n’indongozi nshasha.

Venancio Mondlane avuga ko yari yipfuje kuba ari mu myiyerekano yahamagaje, ariko bitamukundiye kubera ubutumwa “burenga 5000 bw’abamuteye ubwoba.” Yanse kuvuga igihugu arimwo. Yasiguriye AFP ko ico bikoze atari ku mugabane wa Afurika. Ntiyavyise guhunga ariko.

Umugambwe Frelimo wemeza ko watahukanye intsinzi mu matora aheruka kuba muri Mozambike umaze imyaka yababa 50 utegeka ico gihugu. (AFP)