Uganda: Ibiturire Vyababa Imiriyaridi 2.5 z'Amadolari Buri Mwaka

Imyigaragambyo yo kwamagana Ruswa muri Uganda

Uganda itakaza amamiriyaridi yababa abiri n’inusu mu madorari ya Amerika, ku mwaka ku mwaka, kubera ibiturire “bizingamitse ico gihugu.”

Igisata kijejwe kungenzura ingene reta ikora muri Uganda gitanga ibi biharuro, kivuga ko ayo mafaranga angana n’ica kane c’ayo reta y’ico gihugu ikoresha ku mwaka ku mwaka.

Madamu Beti Kamya Turwomwe, atwara igisata kigenzura imikorere ya reta muri Uganda yabwiye itororokanirizo ry’amakuru y’Abafaransa, AFP, ati: “Aya mahera, ashobora gukora ibice 23% vy’ibikorwa reta itegekanya gukora uno mwaka. Gutakaza amafaranga angana gutya, yokoze mu bikorwa biteza imbere umunyagihugu, vyari bikwiye kuraza ishinga abanyagihugu bose, bagahagurukira ikibazo c’ibiturire”.

Beti Kamya Turwomwe abandanya kuvuga ko kubera ikibazo c’amafaranga akwiye yo gukoresha n’abakozi bake, igisata aramutswa cashoboye kugaruza imiriyoni zibiri gusa.

Ibiharuro igisata kigenzura imikorere ya reta muri Uganda cashize ahabona uno munsi, bije bikurikira raporo y’ishirahamwe mpuzamakungu ryishinze kurwanya ibiturire, Transparency International, yavuga ko igisata kivugwamwo ibiturire vyinshi muri Uganda ari ic’ibidukikije: Ku mwaka ku mwaka ico gisata gitakaza imiriyoni 700 z’amadorari.

Ibiturire bitangwa n’abipfuza kuronswa amazi meza n’amatara meza kira mwaka ni imiriyoni 119 mu madorari ya Amerika. Raporo nshasha ku kibazo c’ibiturire muri Uganda ivuga ko ibiharuro vyose bitangwa bishobora kuba biri hasi, ugereranije n’uko biri.

Amerika n’Ubwongereza uno mwaka vyashize mu bihano abategetsi batandukanye bo muri Uganda kubera ibiturire bagirizwa. Abo barimwo umukuru w’inama nshingamateka Anita Among. (AFP)