Mu Burundi, Buramatari w’intara ya Muyinga yafashe ingingo ifuta iyo musitanteri wa Butihinda yari yafashe yirukana umukobwa yitwa Anielle Mukeshimana batazira Kirungo.
Mw’ikete risigura ingingo yiwe, musitanteri wa komine Butihinda Gilbert Ndikumasabo avuga ko uwo mwigeme yitwariwe n’abakenyezi bo ku mutumba wa Kamaramagambo wimbukamwo inzahabu nyinshi ko abatwara abagabo bagashurashura.
Anielle Mukeshimana, anidogerwa kandi n’abagore bo kuri uwo musozi utari kure y’urugabano rw’Uburundi na Tanzaniya kuba abashinyagurira amaze kubatwara abanega nk’uko musitanteri abandanya abivuga mw’ikete ryiwe.
Ikete rigisohoka yari yahawe amasaha 24 kugira abe yatekeye. Ishirahamwe Folucon F rigwanya ikimenyane na ka mwana wa mama rikibona iyo ngingo ryaciye riyimariiza. Ijwi ry’Amerika ryakuye umukuru waryo Gerard Hakizimana tumaze kubona urwandiko yasohoye. Avuga ko iyi ngingo ihonyanga ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi.
Mu kuburizamwo iyo ngingo, Buramatari wa Muyinga yasiguye ko amenyesha ko habaye ukwihenda n’uguhonyanga amategeko.
Ingingo yari yarafashwe na Musitanteri wa Muyinga yari yaje ikurikira izindi zafashwe mu misi iheze n’abasitanteri batari bake harimwo abagore babuza abakenyezi gutembera inyuma y’isaha 12 z’umugoroba batari kumwe n’abagabo babo canke kwijana mu tubari.
Ines Kidasharira nawe, umwe mu bamenyeshamakuru b’Abarundikazi akunda cane kuvuga ku bibazo vy’uburenganzira bw’Abakenyezi avuga ko uwafashe iyo ngingo ata mategeko azi. Agaruka ku co amategeko y’igihugu avuga ku bantu barenga ibigo canke abashurashura. Fyonda hasi wumve insiguro ziwe muri ino nkuru ya Eloge Willy Kaneza akorera Ijwi ry'Amerika.
Your browser doesn’t support HTML5