Abanyakenya biyandikishije gutora, kuri uyu wa kabiri niho bazohitamwo uwugiye kuzosubirira Perezida Uhuru Kenyatta ariko arasozera manda yiwe ya kabiri ari nayo ya nyuma ku butegetsi muri Kenya.
Umwe mu bakandida bahabwa amahirwe ni Raila Odinga, w’imyaka 77. Bugize gatanu yitoza mu matora. Muri aya matora ashigikiwe na Perezida Kenyatta bahoze badacana uwaka.
Uwundi mukandida w'ijunja muri poritike ya Kenya kandi nawe arondera gutsinda ni William Ruto w’imyaka 55, asanzwe ari icegera ca perezida. Uyu nawe mu myaka iheze harabaye ukutumvikana na perezida Kenyatta.
Bose uko ari babiri, William Ruto na Raila Odinga, mu myiyamamazo yabo bahagaze cane ku bibazo biri hagati mu gihugu. Ibikunze kugarukwako mu myiyamamazo nka yose ni ibiturire vyabaye ndanse mu gihugu hamwe n’ibibazo vy’ubutunzi.
Abanyakenya kandi bari mu bihe ibiciro vy’ibifungurwa n’ibitoro vyaduze bitewe n’intambara hagati y’Uburusiya na Ukraine.