Ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku magara y’abantu, OMS, ryavuze ko ibitigiri vy’abandura COVID-19 vyiyongereye kw’isi ku bice 18 kw’ijana mu ndwi iheze. Abantu barenga imiriyoni 4.1 ni bo bashasha banduye kw’isi hose.
Iki kigo ca ONU cavuze ko abapfa batiyongereye cane ariko bagumye bari hafi 8.500, ariko biyongera gato mu migabane itatu y’isi, iyo mu buseruko bwo hagati, Aziya y’epfo no ku mugabane wa Amerika.
Umuyobozi mukuru wa OMS, Tedros Adhanom Ghebreyesus, yavuze ko mu bihugu 110 birimwo ubwoko bwa Covid-19 bwa omicron ari ho abandura biyongereye.
Tedros avuga ko mu gihe abantu barenga umuriyaridi 1.2 ari bo bamaze gufata incanco za COVID-19, abacandazwe mu bihugu bikenye baracari hasi cane, ku bice 13 kw’ijana.