Muri Raporo zitandukanye zashikirijwe ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bijejwe agateka ka zina muntu, abajejwe amatohoza ba ONU bavuga ko mu bihugu vya Sudani y’epfo n’Uburundi hahonyanzwe bikomeye agateka ka zina muntu, kandi basaba ko abahohotewe batunganirizwa.
Komisiyo ya ONU iraba ivy’agateka ka zina muntu muri Sudani y’epfo ivuga ko abanyagihugu bama bagizwe ivyibare vy’imirwi y’abitwaje ibirwanisho hamwe n’abicanyi bama bakoze ivyaha bitagira izina bitigera bihanwa.
Isaba impande zose zishamiranye kwubahiriza amasezerano y’amahoro yumvikanyweko mu mwaka wa 2015.
Ku rundi ruhande, batatu mu bagize komisiyo ya ONU ikurikirana ikibazo c’Uburundi bavuga ko ata kirahinduka mu bijanye na poritike, umutekano, ubutunzi, ivy’imibano hamwe no muvy’agateka ka zina muntu, kuva hashikirijwe raporo ku Burundi mu kwezi kw’icenda.
Komiseri Francoise Hamson wo mur'uyo murwi avuga ko abanyeporitike batavuga rumwe n’ubutegetsi, abamenyeshamakuru hamwe n’abaharanira agateka ka muntu bakiri mu buhungiro. Avuga ko bamwe bo mu mashirahamwe ya sosiyete sivile bakiri mu Burundi batekewe n’ubwoba kuko bavuga ko umwanya uwari we wose bashobora gufatwa.
Ambasaderi Renovat Tabu aserukira Uburundi mur’ivyo biro vya ONU bijejwe agateka ka muntu, ariyamiriza iyo raporo, avuga ko ifise aho yegamiye kandi yakoreye ku binyoma ku bijanye n’agateka ka zina muntu mu Burundi.