Umutegetsi akomeye w’inteko zidasanzwe z’igihugu ca Irani, Saleh Jokar yatangaje uno musi ku wa gatanu ko misile zidashika kure cane z’igihugu ciwe zishobora gushikira amato y’ingwano mu kigobe ca Persike.
Ivyo Saleh Jokar, icegera c’umukuru w’inteko zidasanzwe za Irani abitangaje mu gihe icuka kibi gitera ciyongera hagati ya Irani na Reta Zunze Ubumwe za Amerika. Amerika yarongereje igihagararo cayo mu vya gisirikare mu karere mu kurungika ayandi mato y’ingwano. Amerika yarakomeje kandi ibihano yafatiye Irani.
Saleh Jokar yaragabishije Amerika mu kuvugako ingwano na Irani ishobora kugeramira ubucurunzi bw’ibitoro mu makungu. Yavuze ko niyo haba ingwano hagati ya Iraki na Amerika ivyo bizogira ingaruka zikomeye mu makungu.
Prezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump yatangaje ko ashaka inyishu iciye mu mahoro ku vyerekeye igihugu ca Irani.
Yamara abategetsi ba Irani bavuga ko udashobora gufatira inkoho ku muntu hanyuma ukamusaba ko muba abagenzi.
Facebook Forum