Amazu arenga 370 y'abanyagihugu, amashengero ataramenyekana igitigiri n'amashure vyarabomotse kubera imvura nyinshi ivanze n'umuyaga ku mugwa mukuru w'ubutunzi Bujumbura no mu ntara ya Bujumbura mu burengero bw'Uburundi mw'ijoro n'umuhingamo vyo kuri uyu wa Mungu.
Umuntu umwe ni we bimaze kumenyekana ko yahasize ubuzima. Uduce twababaye kurusha ahandi ni mu ma zone ya Musaga na Kanyosha mu gisagara ca Bujumbura hamwe na Rukaramu na Gatumba mu ntara ya Bujumbura benshi bakunze kwita Bujumbura rural.
Muri zone ya Kanyosha mu bumanuko bwa Bujumbura irimwo amazu arenga 150 n’amashengero 5 n’ishure rimwe vyasidutse, abahaba bibaza ko itunganywa ribi ry’imivo n’imiserege itwara amazi biri muyunyura ibintu.
Ubushikiranganji bw'umutekano bujejwe gukinga ibiza n'isibe bwemeza ko bino biharuro bikiri ivy'imfatakibanza.
Inkuru y'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Eloge Willy Kaneza
Facebook Forum