Uko wahagera

Abitwaje Ibirwanisho Bishe Abanyagihugu 16 mu Buseruko bwa Kongo


Bamwe mu banyagihugu ba Kongo bariko bakizura imihana ya Beni
Bamwe mu banyagihugu ba Kongo bariko bakizura imihana ya Beni

Igisirikare muri Republika ya demokrasi ya Congo gitangaza ko abantu bitwaje ibirwanisho bishe abanyagihugu 16 mu mihana iri mu buseruko bw’igihugu.

Ibitero vy’imirwi yitwaje ibirwanisho itandukanye hamwe n’ibikorwa vy’inteko za reta vy’ukurwanya iyo mirwi vyatumye abantu barenga 400 000 bahunga ingo zabo hagati y’ukwezi kwa gatatu n’ukwezi kwa gatandatu kw’uyu mwaka. Bitangazwa n’ishami ry’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryitaho impunzi, HCR.

Abarwanyi b’umurwi CODECO, bava cane cane mu bwoko bw’aba Lendu bateye imihana itari mike ku bilometero 70 mu buraruko bushira ubuseruko bw’igisagaa ca Bunia, kibamwo ahanini abo mu bwoko bw’aba Hema. Bishe abantu cumi mu mihana y’ahantu hamwe, n’abandi 6 mu yindi mihana.

Mu kwezi guheze, reta yarungitse abahoze bayoboye imirwi yitwaje ibigwanisho batari bake kwumwisha abitwaje ivyo birwanisho nk’umurwi CODECO kwishikiriza inteko za reta. Yamara nta ntambwe barashobora gushikako gushika ubu.

Umuvugizi w’igisirikare ca reta, Jules Ngongo, yamenyesheje ko igisirikare ciyemeje kuzimanganya abagwanyi badashaka kwishikana.

Inyuma y’imyaka cumi y’agahengwe, ugutana mu mitwe hagati y’abarwanyi b’aba Lendu n’aba Hema kwasubiye kwaduka mu kwezi kw’icumi na kabiri mu mwaka w’i 2017 kenshi bifatiye ku matongo.

Mu kwezi kwa gatanu, ishirahamwe ONU ryatangaje ko ubwicanyi bugayitse bukorwa n’abarwanyi b’umurwi CODECO bushobora kubonwa nk’ivyaha vy’agahomerabunwa n’ivyaha vyo mu ntambara.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG