Isirayeri n’umurwi wa Hezbollah vyagirizanya kurenga ku masezerano yo gutanga agahengwe k’intambara. Izo mpande uko ari zibiri zari zumvikanye ko agahengwe k’intambara zemeje gutanga gatangura kuja mu ngiro ejo ku wa gatatu.
Isirayeri yavuze ko igisirikare cayo kirwanira mu kirere cateye ikibanza umurwi wa Hezbollah ubikamwo inkoho za roketi mu buseruko bwa Libani. Isirayeri yemeye kandi ko yarashe abo yise abantu “bateye amakenga bari mu miduga yanyuragirana mu turere twinshi two mu buseruko bwa Libani.” Isirayeri iti: “ Ibi bisigura ko Hezbollah yarenze ku masezerano yo gutanga agahengwe k’intambara.’
Umurwi wa Hezbollah ku rundi ruhande nawo wagirije ahubwo Isirayeri kuba ari yo itubahirije amasezerano y’agahengwe k’intambara. Hassan Fadlallah aburanira Hezbollah yabwiye abamenyeshamakuru ati: “ Umwansi wacu Isirayeri yagavye ibitero ku bariko barahunguka. Ibi ni ukurenga ku masezerano yo gutanga agahengwe."
Abasesanguzi bavuze ko ukuba Isirayeri na Hezbollah vyagirizanya uruhara mu kurenga ku masezerano inyuma y’umusi umwe gusa biyasinye, vyerekana ko ukuramba kwayo masezerano yabonetse kubera Amerika n’Ubufaransa kudashoboka.
Ayo masezerrano vyari bitegekanijwe ko amara iminsi 60, inyuma y’iyo minsi, izo mpande zibiri zigashira ibirwanisho hasi, zihagarika burundu intambara zimazemwo umwaka. Hagati aho, Isirayeri uno munsi yagarukanye amategeko ashinga amasaha abanyagihugu bo mu buseruko bwa Libani babwirizwa kuba bari mu ngo zabo: Yabategetse ko bategerezwa kuba mu mihana yabo bitarenze sa kumi n’imwe z’umugoroba, hama ntibayivemwo imbere ya saa moya z’igitondo.
Ibitero vya Isirayeri muri Libani aho imaze iminsi mu ruhigi rw’abarwanyi ba Hezbollah bimaze guhitana abantu baba 4,000 bikomeretsa 16,520. Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu muri Libani butanga ibi bitigiri, ntibutomora bangahe muri abo ari abasivire canke abarwanyi.
Ku ruhande rwa Isirayeri naho, kuva mu kwezi kwa cumi ko mu 2023, Hezbollah imaze kwica abasivire 45, n’ingabo za Isirayeri 73. Ibitigiri bishasha vy’abamaze gukomereka muri Isirayeri ntivyatangajwe. (REUTERS)
Forum