Umuyagankuba wagarutse mu bice 50 kw'ijana vy'umurwa mukuru wa Cuba, La Havane. Sosiyete ijejwe umuyagankuba ku murwa mukuru yatangaje iyo nkuru kuri uyu wa mbere.
Umuyagankuba ugarutse ku murwa mukuru wa Cuba, La Havane, imisi ine inyuma y’uko ubuze mu gihugu cose. Isosiyete ijejwe umuyagankuba, yatangaje ko hafi y’ibice 50 kw’ijana vy’abahaba basubiye kuronka umuyagankuba muri iki gihe.
Hari inyuma y’uko isoko rikuru ritanga umuyagankuba mu gihugu, rirengewe n’amazi avuye ku mvura y’agakura. Reta ya Cuba yatangaje ko vyitezwe ko umuyagankuba ugaruka mu bice nka vyose vy’igihugu mu mpera z’uyu musi ku wa mbere.
Prezida Miguel Diaz-Canel ku musi w’Imana yaragabishije ko reta yiwe itazokwihanganira abazogerageza guhungabanya umutekano w’igihugu. Ni mu gihe hari impungenge ku bijanye n’umutekano mu gihugu gisanzwe gihanganye n’ibibazo vy’ibifungurwa, imiti, ibitoro n’amazi. Cuba yari igeramiwe n’ikibazo c’umuyagankuba igihe igihuhusi Oscar cashika mu gice co mu buseruko bw’iryo zinga ku muhingamo wo ku musi w’Imana. (AFP)
Forum