Uko wahagera

UKraine Ivuga ko Bigoye Guhungisha Bamwe mu Banyagihugu


Bamwe mu banyagihugu bamaze kuvanwa mu gisagara ca Mariupol
Bamwe mu banyagihugu bamaze kuvanwa mu gisagara ca Mariupol

Ubushikiranganji bujejwe imigenderanire ya Ukraine n’ayandi makungu butangaza ko bikigoranye guhungisha abasivile bari mu gisagara ca Mariupol kiri mu minwe y’Uburusiya.

Dmytro Kuleba aramustwa ubushikiranganji bw’imigenderanire ya Ukraine n’ayandi makungu yabwiye abamenyeshamakuru I Kiev ko ibikorwa vyo guhungisha abanyagihugu biriko bikorwa n’ishirahamwe mpuzamakungu, ONU, rifatikanije n’iritabara imbabare kw’isi, Croix Rouge.

Kuva ingabo z’Uburusiya zigaruriye igisagara ca Mariupol, abasivile amajana n’amajana kumwe n’ingabo za Ukraine zigera ku 2000 baheze mw’ihinguriro ryitwa Azovstal rikora ivyuma. Ukraine yavuze ko guhungisha abari muri ico kibanza vyaburijwemwo n’ama bombe Uburusiya butera mu nzira bocamwo bahunga.

Reta ya Ukraine yemeje ko ata musirikare n’umwe wayo irabasha kuvana muri urwo ruganda. Gusa, ejo ku wa mbere havuyeyo abasivile barenga 125: Muri abo, 69 bahisemwo kujanwa mu burere buri mu minwe y’ingabo za Ukraine, 57 nabo bahitamwo kuja ahagenzurwa n’Uburusiya.

Mu butumwa bwa videwo, Prezida Volodymyr Zelenskyy yavuze ko hambavu y’abo basivire bahungishijwe, ku wa Mungu abarenga 100 bo muri ico gisagara bahungishirijwe mu kindi gisagara citwa Zaporizhzhia, kiri ku birometero 200 uvuye I Mariupol.

Umushikiranganji Kuleba nawe mu kiganiro n’abamenyeshamakuru yemeje ko guhungisha abanyagihugu bibandanya, ariko yirinda gutanga amakuru arenze aha, avuga ko azotangaza vyinshi igikorwa barimwo giheze.

Icegera c’umushikiranganji wa mbere wa Ukraine yavuze ko abanyagihugu bakiri mu ruganda rwa Azovstal, bari mu kaga bivuye ku mfungurwa, amazi n’imiti vyabaheranye. Ibiharuro bitangwa vyerekana ko muri rusangi abasivile boba bakiri mu gisagara ca Mariupol muri rusangi ari n’imiburiburi ibihumbi ijana.

Prezida wa Ukraine yabwiye tereviziyo y’igihugu c’Ubugiriki ko abenshi mu banyagihugu banka kwinjira mu modoka ziriko zirabahungana batinya ko bojanwa mu Burusiya. Ukraine akatari gake yagirije Uburusiya kunyuruza abanyagihugu bayo, ariko Uburusiya bwamirira kure ivyo vyagiriji.



Facebook Forum

XS
SM
MD
LG