Uko wahagera

Sentare Nkuru ya ONU Yasavye Uburusiya Guhagarika Intambara


Inyubakwa ya sentare nkuru ya ONU i LaHaye mu Buholande, kw'itariki ya 7/03/2022.
Inyubakwa ya sentare nkuru ya ONU i LaHaye mu Buholande, kw'itariki ya 7/03/2022.

Sentare mpuzamakungu y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Court International de Justice, yasavye Uburusiya guhagarika budatevye intambara muri Ukraine. Itangazo ry’iyi ngingo ryashikirijwe na Joan Donoghue, perezida w’iyo sentare. Iyi ngingo yemejwe n’abacamanza 13 babiri barayanka. Abayiyakanye ni umucamanza w'Umurusiya n’Umushinwa.

Perezida wa Ukraine Volodymyr Zelensky yashimye iyi ngingo y’iyo sentare akoresheje umuhora wa Twitter, avuga ko ari intsinzi ihagije kuri Ukraine. Yagabishije ko Uburusiya ni bwirengagiza iyi ngingo, bugiye kurushiriza gukumirwa mu makungu.

Ariko naho ari intsinzi kuri Ukraine, iyi ngingo ntiyoroshe kandi ishobora no kudakurikizwa, nkuko abayemeje babivuze.

Ukraine yitwaye muri iyo sentare inyuma y’aho Uburusiya buyiteye mu kwezi guheze. Perezida Zelensky arahakana ibivugwa n’Uburusiya ko intambara yabwo igamije guhagarika ihonyabwoko rikorerwa abiyonkoye bacuditse n’Uburusiya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG