Abategetsi baserukira ibihugu vyabo, bavuga ko batewe amakenga n’inzandiko z’ibanga zashizwe ahabona na WikiLeaks, umuwi w’abantu batororokanya amakuru bivye y’ibanga. Izo nzandiko zerekana kw’inzego za Reta Zunze Ubumwe za Amerika, zifise ubuhinga buhanitse bwo kwabura amakuru.
Igihe umushikiranganji w’igihugu c’Uburusiya ajejwe imigenderanire, Sergei Lavrov yabazwa ivyerekeye izo nzandiko kur’uyu musi wa kane, yavuze ko wewe yama yagerageje kudatwara telephone yiwe ngendanwa igihe agiye mu mana ihambaye cane, ngo kuko aba atinya kwaburwa.
Aho Lavrov yariko avuga ku birego vyashikirijwe na Wikileaks bivuga kw’ibiro vya Reta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe igendereza, CIA bifise ubuhinga n’ibikoresho vyo kwabura amatelefone hamwe na televiziyo; ubuhinga butuma, ivyo biro bishobora kwabura amakuru muri telephone no muri televiziyo, ahariho hose, bitarinze kuhegera.
Ibiro CIA ejo ku musi wa gatatu, vyavuze ko Wikileaks iriko irahungabanya umutekano w’Amerika kandi iriko irafasha ibihugu vyansi vya Amerika.
Facebook Forum