Uko wahagera

Uburundi Bwahimbaje Imyaka 62 Bumaze Bwikukiye


Akarasisi k'ingabo z'Uburundi
Akarasisi k'ingabo z'Uburundi

Uburundi bwahimbaje kuri uno wa mbere itariki imwe y’ukwezi kw’indwi imyaka 62 bumaze bwikukiye. Ibirori vyabereye ku kibuga c’umupira w’amaguru i Gitega ku mugwa mukuru wa politike.

Ivyo birori vyitabiriwe n’abanyagihugu isinzi ndetse n’umukuru w’igihugu ca Cadi, Mahamat Idriss Déby Itno.

Prezida Ndayishimiye yakengurukiye cane perezida wa Cadi ari na we mukuru w’igihugu wenyine yifatanije n’Abarundi muri ivyo birori. Ndayishimiye yabwiye abari baje kwigina iyo ntahe yo kwikukira, Uburundi bwaronse mu makwa 1962, ko igihugu ca Cadi gifite umwihariko ku Burundi

Bamwe mu banyagihugu bari aho i Gitega babwiye Ijwi ry’Amerika ko naho igihugu kimaze imyaka 62 cikukiye, bobo batovuga ko bikukiye mu gihe bashonje, abandi na bo bagikumirwa mu gihugu cabo.

Olivier Nkurunziza arongoye umugambwe w’abadasigana UPRONA, warondeye intahe yo kwikukira, na we nyene arabona ko hakiri agahaze. Yavuze ko iragi rya Louis Rwagasore yiguze Uburundi kugira bwiganzure abakoroni aho yipfuza ko Abarundi bose bangana imbere y’amategeko, abatware bagatwarira bose, rikiri ikibazo.

Mu mugambwe CDP urongowe na Anicet Niyonkuru, bobo baremera ko Uburundi bwikukiye muri politike. Yamara bavuga ko mu gisata c’Ubutunzi, hakiri vyinshi vyo gukosora.

Nk’uko vyama mu Burundi ku musi mukuru wo kwikukira, abakoze neza barashimirwa. Uno mwaka umukuru w’igihugu yashimiye abasirikare, yemeza ko babaye intwari mu gutabara igihugu ca Kongo.

Ibirori vyo kwibuka intsinzi y’ukwikukira kw’Uburundi vyuguruwe n’ikarashishi y’abasirikare n’abapolisi, imbere y’umukuru w’igihugu c’Uburundi, Evariste Ndayishimiye, n’abandi bategetsi b’Uburundi.

Hari kandi abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi na generari El Hadji Alioun Samba, umu nya Senegare yatwara ingabo z’ishirahamwe mpuzamakungu ONU zari zijejwe kunywanisha abasirikare kugira habeho igisirikare kimwe inyuma yo guhagarika intambara mu mwaka 2003.

Uwo musi mukuru wasozerewe n’ibirori vy’abasirikare bakoroka mu ndege bakoresheje imitaka

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:57 0:00

Forum

XS
SM
MD
LG