Uko wahagera

Burundi: Nta Gahunda Ya Vuba Ihari Yo Kwugurura Urubibe n'u Rwanda


Umushikiranganji w'imigenderanire Albert Shingiro
Umushikiranganji w'imigenderanire Albert Shingiro

Abagize Leta y’Uburundi, uhereye ku wurongoye iyo Leta kuri uno wa gatatu bari baramutse bishura ku bibazo vy’abamenyeshamakuru n’abanyagihugu bo mu gihugu cose.

Ibibazo vyagarutse ni ibijanye n’ubukene bw’amafaranga mvamakungu, ubukene bw’ibitoro, imipaka yugawe, abarundi bapfira iyo bagiye gupagasa, uguteba kw’agahembo k’abasirikare bagiye gucungera umutekano hanze y’igihugu n’ibindi.

Umushikiranganji wa mbere Gervais Ndirakobuca yamenyesheje ko ikizokura ubukene bw’amafaranga mvamakungu mu Burundi ari ukugwiza umwimbu w’ivyo abarundi bashora mu mahanga.

Audace Niyonzima umushikiranganji w’ikigega ca Leta yongeyeko ko gushora ubutare bizotuma amafaranga mvamakungu yiyongera.

Ku kibazo c’igitoro, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Martin Niteretse avuga ko hari bamwe mu bunguruza abantu basongera isibe, bakanywa igitoro mu mamodoka bagaca baja kukivoma kugira bakigurishe ku giciro kiri hejuru.

Ku bijanye n’icipfuzo c’uko amapikipiki na za Bajaji zokwemererwa zigashika mu gisagara hagati gufasha muri kino gihe hari ikibazo co kwiyunguruza, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu yamenyesheje ko ari ikibazo c’ugukinga amasanganya n’umutekano.

Ibura ry'igitoro mu Burundi
Ibura ry'igitoro mu Burundi

Umushikiranganji wa mbere Gerevasi Ndirakobuca yamwuhiriye agira ati bizosaba ko abahinga bafashe ingingo yo guhagarika amamoto na Bajaj kwinjira mu gisagara baraba ko icatumye iyo ngingo ifatwa kitagishobora gusubira gutera umutekano muke mu gisagara hagati.

Ku kibazo c’igitigiri c’abasirikare b’abarundi bari mu gihugu ca Kongo, umushikiranganji w’ukwivuna abansi n’abahoze ku rugamba Tribert Mutabazi, ntiyashimye gutanga ico gitigiri ati ni ibanga ryo ry’igisirikare kandi ritamenwa.

Aremeza ariko ko bafashwe neza hisunzwe amasezerano Uburundi bwagiraniye na Kongo kandi abasirikare bariyo ntaco baheraniwe.

Ku kibazo c’urubibe rw’u Rwanda rwugawe, umushikiranganji w'imigenderanire Albert Shingiro yibukije ibiganiro vy’uko u Rwanda rwoshikiriza Uburundi abagomvye gutembagaza ubutegetsi ariko ntivyashoboka. Ikindi ni ibitero vy’umugwi Red Tabara Uburundi buvuga ko ufashwa n’u Rwanda.

Avuga ko ivyo vyatumye habura icizere hagati y’ivyo bihugu bituma bugara urubibe rwo ku butaka, baguma buguruye urubibe rwo mu kirere.

Umushikiranganji w’imigenderanire yishuye kandi ku kibazo c’abarundi bamaze imisi bicirwa mu gihugu ca Afrika y’epfo. Asigura ko abo bicwa ari ababa muri ico gihugu bidaciye mu mategeko kuko ata kuntu bashobora gukingirwa. Ati birababaje akabasaba ko mu gihe impusha zo kuba mu gihugu kanaka ziba zarangiye boshikiriza abaserukira Uburundi muri ivyo bihugu kugira bige ikibazo cabo.

Forum

XS
SM
MD
LG